3 Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
3 Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.
Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. Ni ko bizoba no ku b’iki gihe kibi.
Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.
ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
Arababaza, ati Mbega mwiyumvira yukw abo Banyagalilaya bārusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bāgizwe bartyo?
Canke ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?
Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.
kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.
Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,