Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Hazoza abava i burasirazuba n’i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko, bazokwicara mu bgami bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Abantu bazova mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bahabwe ivyicaro mu mazimano mu Bwami bw’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:29
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi;


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ndababgira yuko benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru;


Ni ho azotuma abamarayika, akoranye abatoranijwe biwe, bave mu birēre bine, guhēra ku mpera y’isi kugeza impera y’ijuru.


Kandi har’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, n’ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.


Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [


asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.


bgābashitseko, nk’uko buri mw isi yose bgama imbuto bugwira: kandi no muri mwebge bugenza burtyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bg’Imana vy’ukuri:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ