Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ariko azobishura ati: ‘Sindabazi kandi sinzi n’iyo muva. Mviraho mwa nkozi z’ibibi mwe!’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:27
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuk’ Uhoraho azi inzira y’ abagororotsi, Arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero.


Uko bukeye nzohonnya abanyakibi bose bo mu gihugu, Kugira ngo ndandure inkozi z’ibibi zose, ndazimare ku murwa w’Uhoraho.


Mva i ruhande, mwa nkozi z’ibibi mwe, Kugira ngo nitondere amabgirizwa y’Imana yanje.


Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Ntunkwegane n’abanyakibi N’inkozi z’ibibi; Bavugana ivy’ amahoro na bagenzi babo, Ariko mu mitima yabo har’ imanga.


Uzohonnya abanyabinyoma: Uhoraho yanka urunuka umwicanyi n’ingunge.


Mva i ruhande, mwa bakora ibizira mwe, Kuk’ Uhoraho yumvise ijwi ry’amarira yanje.


Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!


Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Nyen’ inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga, muti Mupfasoni, n’utwugururire: ni ho azobishura, ati Simbazi, sinzi n’iyo muvuye.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ