Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 ati Mushishikare guca mw irembo ripfunganye: ndababgira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 “Mugire umwete wo guca mw’irembo ryaga, kuko ndababwire ukuri, benshi bazogerageza kwinjira ariko ntibabishobore.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:24
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umucokoranyi arondera ubgenge ntabubone, Arik’ ukumenya kuroroshe ku muntu akerebutse.


Ukwifuza kw’umunyabute kuramwica, Kukw amaboko yiwe yanka kuruha.


Ibikorwa vy’igipfu cose birakiruhisha, kuko kitazi n’ inzira ija i bgami.


Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi.


Umuntu aramubaza, ati Mugenzi, mbeg’ abakizwa ni bake? Na we arababarira,


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’ Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe.


Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Muzondondera, ariko ntimuzombona, kand’ iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo.


Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


Bagaruka aho Yosuwa ari, baramubgira, bat’ Abantu bose ntibarinde kudūgayo; ni hagende nk’ibihumbi bibiri canke bitatu, babe ari bo bahatera. Ntiwirirwe ugorera abantu bose ubusa ngo badūgeyo, kukw abaho ari bake.


Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ