Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Bumeze nk’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe, karakura gahinduka igiti, maze inyoni zo mu kirere ziraza zarika mu mashami yaco.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:19
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ur’ umurima uzitiriwe, mushikanje, mugeni wanje, Ur’ isōko yīmiriwe, iriba rishizwekw ikimenyetso co kuriziririza.


Kanguka, wa muyaga uva i burārūko, nawe uw’ i bumanuko, n’uze; Muhūhe ku murima wanje, kugira ng’ ubutāmirane bgaho bukwire hose. Umukunzi wanje n’aze mu murima wiwe, Arye ivyiza vyiwe vyamye muri wo.


Umukunzi wanje yamanutse aja mu murima wiwe, mu turima tw’imbazi, Kuragira mu matongo, no guca ibirungu.


Yewe uba mu mirima, Abagenzi bateze amatwi ijwi ryawe: N’urinyumvishe nanje.


Ni nde yemeye inkuru zacu? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


kandi jewe Uhoraho nzokwama nkurōngōra, nzohāza ubugingo bgawe mu gihe c’ikigatwa, nguhe kunonoka mu magufa yawe; kand’ uzomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi, kand’ uzoba nk’isōko y’ amazi idakama.


Nk’ukw isi ibaduka ibimeze, n’ indimiro imeza ivyayitewemwo, uko ni k’Umwami Uhoraho azomeza ukugororoka n’ishimwe imbere y’amahanga yose.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.


N’ibiguruka vyose vyo mu kirēre bikārika mu mashami yaco; n’ ibikōko vyose vyo mw ishamba bikavyarira ivyana vyavyo musi y’amashami yaco, n’amahanga yose ahambaye akibera mu gitūtu caco.


Ibibabi vyaco vyari vyiza, kandi cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose; ibikōko vyo mw ishamba vyugama mu gitūtu caco, ibiguruka mu kirēre vyārika mu mashami yaco, kand’ ivyari n’ubugingo vyose vyatungwa na co.


kand’ ibibabi vyaco vyari vyiza, kikaba cari gitengengeye ibiribga vyinshi, kandi kikabakw ivyo guhāza ibiriho vyose, kand’ ibikōko vyo mw ishamba bikugama musi yaco, ibiguruka mu kirēre bikārika mu mashami yaco;


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Arabishura, ati N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [


Kand’ arababaza, at’ Ubgami bg’Imana tubushushanye n’iki? Canke tubusobanurishe umugani ki?


Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.


Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ