Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramāramāra, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy’agahebuza yakora vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:17
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abansi banje ni bambikwe agatēterezo, Bambare isoni zabo nk’umutamana.


Igikorwa ciwe n’icubahiro n’ ubgiza, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira.


Abansi biwe nzobakorera ibara; Ariko we, igitsibo ciwe kizomukayanganako.


Abashaka kunyica ngo banzimirize Bicwe n’isoni batētērwe: Abanezerezwa n’uko ngiriwe nabi Basubizwe inyuma bakēngērwe.


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.


Uhoraho, muri we honyene ni ho har’ ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazomvuga; kuri we ni ho abantu bazoza; kand’ abamurakiye bose bazotētērwa.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abahindishwa agashitsi n’ijambo ryiwe: ati Bene wanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bāravuze ng’ Uhoraho n’agaragaze icubahiro ciwe, turābe umunezero wanyu! Ariko bo bazomāramāra.


Aca ahumūka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana: abantu bose babibonye bashima Imana.


babura uko bamugira; kukw abantu bose bāri bamumaseko, bamwumva.


Ntibāba bacubahuka kumubaza irindi jambo.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


Mugabo ntibazoshobora kurengaho: kuk’ ubusazi bgabo buzogaragarira abantu bose, nk’uk’ ubga ba bandi bgagaragaye.


ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ