Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Hār’ umugore yinjiwemwo n’impwemu itera ubumuga, yar’ amaze imyaka cumi n’umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:11
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Satani aca arasohoka, ava imbere y’Uhoraho, atēza Yobu ibihute bikomeye uhēreye mu bgōro bg’ikirenge ugashitsa mu gitwariro.


Uhoraho aramira abatemba bose, Yēmesha abahetamye bose.


Uhoraho ni we ahumūra impumyi; Uhoraho ni we yēmesha abahetamye; Uhoraho ni we akunda abagororotsi;


Ndahetamye, ndicurikiriye rwose: Ngenda ngandaye umusi ukīra.


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbariza Agakiza kava mu nyonga hayo.


Ungirire imbabazi, Uhoraho, kuko nkabiranye: Uhoraho n’unkize, kukw amagufa yanje atetemera.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Yesu abaza se, at’ Amaze igihe kingana iki bimutera birtyo? Aramwishura, at’ Uhereye mu bgana bgiwe.


Yesu amubonye aramuhamagara, aramubgira, ati Nyina wanje, urabohowe ubumuga bgawe.


Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?


Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.


n’abagore bamwe bākijijwe impwemu mbi n’indwara, Mariya ari we Magadalene, abadayimoni ndwi bāri baramuvuyemwo,


Ashitse i musozi, umuntu yavuye mu gisagara, yinjiwemwo n’abadayimoni, aramusanganira. Yar’ amaze imisi myinshi ata mpuzu acambara; nta nzu yabamwo, yaba mu masenga y’imva.


Umugore arwaye ubutinyanka, yar’ abimaranye imyaka cumi n’ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavūzi adutangamw’ ingemu, ntihāgira ūshobora kumukiza,


Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.


Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ