Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:32
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya.


Uko ni kw ab’ inyuma bazoba ab’ imbere, kand’ ab’ imbere bazoba ab’ inyuma.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Yesu aramwishura, at’ Ubgami bganje s’ubgo mur’ iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ ubgo mur’ iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ ubgami bganje s’ubg’ ino.


Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso yayo.


Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku.


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


Ni co gituma tubasengera imisi yose, ngw Imana yacu ibemere ko mumeze nk’uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kand’ ishikishe ubushobozi ico munezererwa ciza cose n’igikorwa canyu cose kiva ku kwizera:


Ico n’ikimenyetso co guca amateka kw’ Imana kugororotse, ngo muze mwemererwe gushika mu bgami bg’Imana, ubgo namwe mubabarizwa.


Ni co gituma, kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya:


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.


akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ