Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nta cagizwe ibanga kitazomenyekana, kandi nta canyegejwe kitazonyegururwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:2
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.


Kukw inyonga zanje ziri ku nzira zabo zose: ntizinyegejwe ngo sinzibone, kand’ ibigabitanyo vyabo ntibihishijwe inyonga zanje.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Kukw ata canyegejwe kitazoserurwa, cank’ icagizwe ibanga kitazoja ahabona.


Kukw ata canyegejwe kitazozanwa ahabona, cank’ icagizwe ibanga kitazomenyekana kikaja ahabona.


Ni ko bizoba ku musi Imana izocira amabanga y’abantu amateka muri Yesu Kristo, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe buvuga.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ