Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi.” ’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:19
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntukarāte ivy’ ejo, Kuk’ utazi ivyo umusi uzovyara.


Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Bazobona ibara, abazindurwa mu gatondo no kwirukira ibiboreza, bakarāra kw ijoro gushitsa vino ibaboreje!


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Itunga ry’umutunzi kuri we n’igisagara gikomeye, Uko yiyumvira ni nk’uruzitiro rugera hejuru.


Ntimwishimire agahahazo, Kandi ntimwizigire ubunyazi: Itunga ni ryagwira, ntimuze murishirekw imitima.


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana.


abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana,


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubāga inka no kubāga intama, kurya inyama no kunywa vino: bati Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu!


Mbega wogumiza ijisho ku kiriko kirarenga? Kuk’ ubutunzi butobura kumera amababa, Nk’inkukuma iguruka itumbereye mw ijuru.


Umuntu yavyawe n’umugore Amara imisi mike kand’ adundubiwe n’amagorwa.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Ni co gituma urusenga rwabo baruha ikimazi, n’ umukwabu wabo bakawosereza imibavu; kukw ari vyo bibahesheje kwidibamira, bigatuma ivyo kurya vyabo bigwira.


Naho yibarira akiriho kw ahiriwe, Kandi naho bashima umuntu yitungiye;


Nukw amumanukanye, basanga bagandagaje, bariko bararya, binywera, batārīka, bahimbawe n’inyagano nyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya no mu c’Abayuda.


Itunga rironkeshejwe ubugunge ntirigira ikimazi, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


Bati Ni muze mbazanire vino, twinywere inturire duhimbe. N’ejo na ho bizomera nk’uku, bizonarushiriza.


yemwe abahimbarwa n’ikintu kitagira ikimazi, mukavuga, ngo Mbeg’ inkomezi zacu si zo zāduhaye ububasha?


Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini‐binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose.


Igitsibo c’abanyabgenge n’ ubutunzi bgabo, Arik’ ubupfu bg’ibipfu n’ ubupfu nyene.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ