Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini‐binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: ndasambura ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Aho ni ho noronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:18
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, uwukize abantu, uwukirishije ukuboko kwawe; Ni bo bantu b’isi, umugabane wabo uri mur’ ubu bugingo. Inda zabo ziragahāga ivyo wababīkiye, Abana babo barakabihāga, Barakabisigariza n’ibibondo vyabo!


Ni murābe ibiguruka vyo mu kirēre, ntibibiba, ntibishwabura, kandi ntivyimburira mu bigega, ariko So wo mw ijuru arabitunga; mbega mwebge ntimubiruta cane?


Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?


Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.


Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’ umutunzi mu vy’Imana.


Ni mwitegereze ibikōna, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububīko cank’ ikigega, kand’ Imana irabitunga: erega mwebge muruta ibisīga cane.


Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu,


Kand’ Umwami Yesu aravuga, ati Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze.


Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni.


Umve rero, yemwe abavuga ng’ Uyu musi cank’ ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’ umwaka, tudandaze, turonke inyungu:


Ariko mwari mukwiye kuvuga, mut’ Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ