Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 12:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 12:17
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūgusaba, umuhe, ūgomba kukugurana, ntumutere ibitugu.


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data.


mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare gutanga indāro.


arabasohokana, arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?


Aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi.


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Uwo mubgiriza aribaza, ati Mbe ngira nte, ko databuja agira ansohore mu bubgiriza bganje? Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosēgerereza.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Kandi ntimukītwaririke ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire.


Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Maz’ umwe mu bigisha ivyagezwe ava hasi, aramugeza, ati Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Arabishura, at’ Ūfise amapfundo abiri, rimwe n’arihe ūtarifise, n’ūfise ivyo kurya n’agire artyo.


Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.


Kand’ abacira umugani, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise itongo rimera cane.


Ati Ndabigenza ntya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi binini‐binini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n’ibintu vyanje vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ