Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nanje ndababgire: Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ni co gituma nanje ndababwiye nti: ‘Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:9
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hamwe nari mu mubabaro, nambaje Uhoraho: Uhoraho aranyitaba, anshira ahantu hāgutse.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.


Imigunza y’intambge ishobora kuburanirwa no gusonza, Arikw abarondera Uhoraho ntibazogira iciza bakena.


Narondeye Uhoraho, aranyitaba, Ankiza ubgoba nari mfise bgose.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Maze nugururira umukunzi wanje; Ariko nsanga uwo mukunzi wanje yīgīriye, yāhise: Umutima wanje ucoberezwa n’ivyo yavuze. Ndamurondera, sinamubona; Ndamuhamagara, ntiyanyitaba.


Sinavugiye mu mpisho, ahantu ho mu gihugu c’umwiza; nta ho nabariye uruvyaro rwa Yakobo, nti Ni mundonderere ubusa. Jewe Uhoraho mvuga ibiroranye, nsigura ivy’ ukuri.


Kandi muzonyambaza, muzoza munsenge, nanje nzobumva.


ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.


Mpanga amaso Umwami Imana, kugira ngo niyegurire gusenga no gutakamba, nisonzesha, nambaye amagunira, nīsīze umunyota.


Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.


None mur’ abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura, bati N’uwa mbere. Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.


ariko ndababgira yuko na Salomo mu bgiza bgiwe bgose atar’ ashajije nka rimwe mur’ ayo.


Ni co gitumye mbabgira yukw ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona.


Arikw ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye.


Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.


Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.


Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe.


Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.


kand’ ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’ uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.


Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’ asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa.


kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.


Ariko mweho abasigaye mu b’i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batāmenye ivyo ba bandi bita ivy’i bgina vya Satani, ndababgira, nti Nta wundi mutwaro mbikoreza atar’ uyu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ