54 bamutega ngo bafate ijambo ryomukorokana.
54 kugira ngo barabe ko bomufatira ku vyo yovuga.
Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire!
Bun’ Abafarisayo baragenda baja inama, ngo baronke ingene bomutegera mu majambo yovuga.
Ariko Yesu amenya ububi bgabo, arababaza, ati Mungereza iki ga mwa ndyarya mwe?
Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe aramubaza amugeza,
Bamutumako bamwe mu Bafarisayo n’abantu ba Herode, ngo bamutegeshe amajambo.
baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege.
Maz’ asohotse, abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi,
Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.
Ntibāshobora gukūra urwitwazo mur’ ayo majambo imbere y’abantu, batangazwa n’ivyo abishuye, barahora.
None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.