Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Umwami Yesu aramubgira, at’ Erega mwebge Abafarisayo mwoza inyuma y’igikombe n’inkōko, arikw imbere muri mwebge mwuzuye ubgambuzi n’ububi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Maze Umwami Yesu aca amubwira ati: “Mwebwe Abafarisayo mwitwararika cane kwoza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko mwuzuye ubukunzi bw’inda n’ubugizi bwa nabi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:39
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ariko ntiyabigirana umutima utunganye rwose.


Baranyasamiye n’akanwa kabo, Nk’intambge yaromoye yivuga.


Iminwa ihemana n’umutima mubi Bimeze nk’ikibumbano gikuyengejekw ifeza.


Ni yagira imvugo nziza, ntuz’ umwemere, Kuko mu mutima wiwe harimw’ ibizira ndwi.


Har’ urunganwe rw’abantu bibgira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo.


Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?


Abaganwa baho bagīriye inama y’ubugarariji hagati muri ho, nk’ukw intambge itabagura ico ihīze: batsontsomeye abantu; banyaze ubutunzi n’ivy’ igiciro; bapfakaje benshi hagati muri ho.


Abaganwa baho bameze nk’amabingira atabagura ico ahīze; bavisha amaraso, bagahonnya abantu, ngo bironkere inyungu.


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Arababgira, ati Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu: kukw igishizwe hejuru mu bantu ar’ igisesema mu nyonga z’Imana.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Arikw ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, n’uko yar’ umwivyi, agendana umupfuko, agasotōra ku bibītswemwo.


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?


Kandi mu bgoko bgacu narushije benshi bo mu bo twārukanye kuja imbere mw idini y’Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry’imigenzo twārazwe na ba sogokuruza.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ