Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 11:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Itara ry’umubiri wawe n’ijisho ryawe. Ijisho ryawe iy’ ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco: arikw iy’ ari ribi, umubiri wawe uba uri n’umwiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Amaso yawe ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco. Ariko iyo abona nabi, umubiri wawe wose uba mu mwijima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 11:34
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.


Hwezesha amaso yanje, Kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe.


Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


Ijisho ry’agakēngērwe n’umutima w’ubgibone Bo n’itara ry’abanyakibi n’ icaha.


Uw’ ijisho ribi yihutira itunga, Kandi ntamenya yuk’ ubukene buzoteba bukamutera.


Kuk’ Uhoraho abasutsekw impwemu y’uruhuni, agahuma amaso yanyu, ni yo bavugishwa banyu, agapfuka n’imitwe yanyu, ni yo bamenyi banyu.


Ni nde mpumyi atar’ umushumba wanje, canke gipfamatwi nk’intumwa yanje ntuma? Ni nde mpumyi nk’ umugendanyi wanje, kand’ ahumye nk’umushumba wanje, jewe Uhoraho?


Nta co bazi, kandi nta co biyumvira, kukw amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura.


Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umuco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura!


Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.


mut’ Enda ni mwumve ibi, mwa bantu b’ibipfu, batagira umutima, bafise amaso ntibabone, bafise n’amatwi ntibumve:


ngo kurāba barābe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa.


ubgivyi, ubgicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’ isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu:


Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva, kandi ntimwibuka?


Nuko wirābe yuk’ umuco uri muri wewe atar’ umwiza.


Nuko rāba, ukuboko kw’Umwami Imana kuraguhanamiye, ugira uhume, umare imisi utabona izuba. Ako kanya igipfungu n’umwiza bimwubikizako, agenda azimagirika arondera uwo kumufata ukuboko.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk’uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu.


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’ iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ