25 Ihashitse, igasanga ikubuye, iteguritse.
25 Ishitse, iraheza igasanga ya nzu isukuye, kandi itunganije neza.
Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.
Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.
Iy’ impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura, ikavuga, iti Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo.
Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu ndwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy’uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi.