12 canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo?
12 Canke amusavye igi akamuha sikoropiyo?
Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.
Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.
Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka;
None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?
Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imbōyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimw’ ubushobozi bgo gusesereza abantu amezi atanu.