8 Kand’ igisagara cose mujamwo bakabākīra, muze murye ivyo babahaye,
8 Nimwinjira mu gisagara bakabakira, muzofungure ivyo muhasanze.
Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye.
Arikw igisagara cose mujamwo ntibabākīre, muze musohoke muje mu nzira zaco,
arababgira, at’ Ūzokwākīra aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru.
N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwākīra uwo nzotuma azoba anyakiriye, kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye.
Umuntu wo mu batizera ni yabahamagara, mukagomba kugenda, ico bazoshira imbere yanyu cose, mube mukirya, ata co mubajije, kubg’ ijwi ryo mu mutima.
Kandi n’Umwami wacu ni ko yageze kw abavuga ubutumwa bgiza batungwa n’ubutumwa.