Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:42
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo wihanikirije navyākiriye ngo bibe umwandu wanje w’ibihe bidashira, Kukw ari vyo kanyamuneza k’umutima wanje.


Ukuboko kwawe kwame kugabirije kuntabara, Kuko natoranije amateka washinze.


Mpisemw’ inzira yo kuba umwizigirwa: Nashize imanza zawe ziroranye imbere yanje.


Ndagutakambira, Uhoraho we, Nkakubgira, nti Ni wewe buhungiro bganje, N’umugabane wanje mw isi y’abakiriho.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Ni nde mfise mw ijuru, atari wewe? Kandi mw isi nta we ngomba, atari wewe.


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose, ni yakwa ubugingo bgiwe kw iciru?


Uwo yar’ afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe.


Maz’ ar’ ahantu, asenga; ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubgira, ati Mugenzi, twigishe gusenga, nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje.


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Mwiyubare uburyo mwumva: kuk’ ūfise azohabga, kand’ ūdafise azokwakwa n’ico yiyumvira kw afise.


Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.


Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.


Maze Mariya yābīra ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasīga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itāmiranamw’ ayo mavuta.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu,


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


Yosuwa abarira abantu, ati Ni mwebge mwibereye ivyagirizi yuko muhisemwo Uhoraho, kuba ari we musaba. Na bo bati Tubaye ivyagirizi koko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ