Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Uwo yar’ afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:39
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma Elisa asubira i Gilugali; ico gihe hari harateye inzara mu gihugu. Maz’ abiga ivy’ ukuvugishwa bicaye imbere yiwe, abarira umuntu wiwe, ati Tereka ya nkono nini ku ziko, utekere imboga aba biga ivy’ ukuvugishwa.


Hahirwa umuntu anyumviriza, Akāma arerekeye ku myugariro yanje uko bukeye, Agategera ku bishimaryango vyanje.


arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.


Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.


Na bo bavayo, baza kurāba ivyābaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu yavuwemwo n’abadayimoni, yicaye i ruhande y’ibirenge vya Yesu, yambaye, ubgenge bgāgarutse; baratinya.


Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.


Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.


Maze Mariya yābīra ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasīga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itāmiranamw’ ayo mavuta.


ati Nd’ Umuyuda, navukiye i Taruso h’i Kilikiya, ariko nakuriye mur’ iki gisagara, nigishirizwa imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli nk’uk’ uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba sogokuruza ruri, ngira ishaka ry’Imana, nk’uko namwe mwese murifise uyu musi.


N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ