Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Hāriho n’umuherezi amanuka mur’ iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Maze akirambaraye aho hantu, haca haza umuherezi yari amanukanye iyo nzira nyene. Amubonye, aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arirenganira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:31
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.


Itegereze i buryo bganje, urābe ko har’ umuntu ampa ni rwere: Mbuze ubuhungiro; nta muntu ababaye ubugingo bganje.


Ibitutsi vyammenaguye umutima, ndaremerewe cane: Nareretse ko har’ uwongirira akagongwe, nta wabonetse; N’uko har’ abonyirura, ndabura.


Uwiziba amatwi umugorwa atakamba, Na we nyene azotakamba ntiyumvirizwe.


Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


Yesu aramwishura, ati Hābaye umuntu yar’ avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera.


Kandi n’Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande.


Aragenda, ahūmba mu kibuba akurikiye abagenyi: kand’ umurima yarengutseko war’ uwo mw itongo rya Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ