18 Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.
18 Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.
Ewe kuntu ukorotse uvuye kw ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ewe ingen’ uciwe ugashika hasi, wewe watsinda amahanga!
Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.
Non’ ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.
ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.
Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,
Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.
Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,
Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.