Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ūbumviye ni jewe aba yumviye; ūbanse, ni jewe aba yanse; ūnyanse, aba yanse uwantumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:16
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi mu gitondo ni ho muzobona icubahiro c’Uhoraho: kuko yumvise ingene mumwidodombera; natwe ga twar’ iki, aho mutwidodombera?


Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Uhoraho abarira Mose, at’ Aba bantu bazogeza hehe kunkēngēra? Bazogeza hehe kutanyizera, naho nakoreye ibitangaza bingaho hagati muri bo?


Abisirayeli bose bidodombera Mose na Aroni, ikoraniro ryose rirababarira, rit’ Es’ iyo tuba twaraguye mu gihugu ca Egiputa! Canke tukagwa mur’ ubu bugaragwa!


Ereg’ Uhoraho ni we mugararije, mwe n’abo mufatanije bose: na we Aroni n’iki, aho mumwidodombera?


Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye.


Kand’ ūzokwākīra akana kamwe nk’aka mw izina ryanje azoba anyakiriye.


at’ Ūzokwākīra umwe mu twana nk’aka mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra, si jewe yākīra, ariko yākīra uwantumye.


arababgira, at’ Ūzokwākīra aka kana mw izina ryanje, azoba anyakiriye; kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye: kuk’ umuto muri mwebge hanyuma ya mwese ari we mukuru.


Yesu arasemerera, at’ Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye:


Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwākīra uwo nzotuma azoba anyakiriye, kand’ ūnyakīra aba yākiriye uwantumye.


Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.


kand’ ivyābagerageza kubg’ umubiri wanje ntimwabitītūye, ntimwāciriye inyeri, ariko mwānyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nka Kristo Yesu.


Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ