Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru, ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i Kuzimu mu kibanza c’abapfuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:15
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baravuga, bati Ngo twiyubakire igisagara, n’umunara uz’ ushikīre ijuru, kugira ngo twironkere izina rya rurangiranwa, twoye gusābagira mw isi yose.


Ni co catumye i kuzimu harangara, hāsamitse akanwa kaho birengeje urugero: maz’ abakire b’i Yerusalemu na ba nyarucari baho barokeramwo, bakiri mu gahimbo, bavuza urwamo.


Naho Babuloni hodūga hagashika kw ijuru, kandi nah’ ibihome vyaho birebire vyoba uruhatane, na ho nyene abanyazi bohashika bavuye kuri jewe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ni ho nzokumanurana n’abamanuka baja muri rwa rwobo, usangey’ abāgiye kera, nkugerēre i kuzimu, ahantu hāhebge uhereye kera, hamwe n’ abamanuka baja muri rwa rwobo, kugira ngo ntiwongere kubābgamwo; kand’ icubahiro nzogikomeza mw isi y’abakiriho.


Mu biti vyo muri Edeni n’ ikihe munganya kugira icubahiro no kuba agahambaye? Yamar’ uzomanukanwa hamwe n’ibiti vyo muri Edeni ushike i kuzimu: uzoryama hagati mu batākebge, hamwe n’abāriritswe n’inkota. Uwo ni we Farawo n’ishengero ryiwe ryose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


riti Mwana w’umuntu, borogera ishengero ryo muri Egiputa, urikororane n’abakobga b’amahanga ya rurangiranwa, gushitsa i bgina i kuzimu, hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo.


Bazohindikirana hagati y’abicishijwe inkota: Egiputa hāgaburiwe inkota: ni muhakwegane n’ishengero ryaho ryose.


Kandi ntibaryamye hamwe n’abahizi bāhindikiranye bo mu batākebge, bāmanukanye i kuzimu n’ibirwanishwa vyabo vy’intambara, bīseguye inkota zabo, ibigabitanyo vyabo biri ku magufa yabo; kuko bār’ agaterabgoba ku bahizi mw isi y’abariho.


Naho wodūga intumbgejuru nk’inkukuma, kandi naho wokwārika icāri cawe hagati y’inyenyeri, nzogukorora ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali,


Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu na Isaka na Yakobo n’abāvugishwa n’Imana bose bari mu bgami bg’Imana, namwe muhindiwe hanze.


Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.


Muti None tudūga tuja hehe? Muti Bagenzi bacu ko baturanduye imitima, ngw Abantu baho ni banini, kandi baradusumba; ngw Ibisagara vyabo ni binini, bizitijwe inzitiro z’ amabuye zigera mw ijuru; ngo Mbere babonyeyo n’Abanaki.


Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ