Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 ‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 10:11
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na bo bazokwumva canke batazokwumva, (kukw ar’ inzu y’ abagarariji), ariko rero bazomenya yuk’ ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo.


Kand’ umuntu n’atabākīra, canke ngo yumve amajambo yanyu, mukiva mur’ ino nzu canke muri nya gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu.


Uko mugenda kwose mwigishe, mut’ Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Ahantu hose aho bazokwanka kubākīra ntibabumve, mukivayo muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.


Arikw igisagara cose mujamwo ntibabākīre, muze musohoke muje mu nzira zaco,


mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.


Abazokwanka bose kubākīra, mukiva mur’ ico gisagara, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.


Bagabo bene Data, bana bo mu muryango wa Aburahamu, namwe abubaha Imana, ijambo ry’ako gakiza ni twebge ryatumweko.


Nuko mwiyubare, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako,


Paulo na Barunaba bavuga bashize amanga, bati Vyari bibereye kw ijambo ry’Imana ribanza kubgirwa mwebge; none ko murishibuye, mukībūra ko mutabereye ubugingo budashira, ehe‐e duhindukiriye abanyamahanga.


Na bo babakunkumurira umukungugu wo mu birenge vyabo, baja muri Ikoniyo.


Ariko ku Bisirayeli aravuga, ati Nirirwa ntegeye amaboko ubgoko butumva butongana.


Ariko kwavuze gute? Kwavuze kut’ Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ