Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 kandi nk’uk’ umugenzo w’abaherezi war’ uri, ni we yari yatoranijwe n’ubupfindo kwinjira ahēra h’urusengero rw’Umwami Imana, kwosa imibavu:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Yari yatowe hakoreshejwe ubupfindo nk’uko umugenzo w’ubuherezi wabitegekanya mu guhitamwo uwinjira mu ngoro y’Umwami Imana guturira ibimota neza

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:9
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene Amuramu bāri Aroni na Mose; kandi Aroni yari yarobanuwe kugira ngo yezwe, abe uwera cane, bo n’abahungu biwe, gushitsa ibihe vyose, ngo bame bosereza imibavu imbere y’Uhoraho, bamusukūrire, basabire abantu umugisha mw izina ryiwe ibihe vyose.


Ariko Aroni n’abana biwe, ivyabo kwar’ ukwosa ibimazi ku gicaniro vyoserezwako, no kwosa imibavu ku gicaniro cayo, bagakora ibikorwa vyose vy’Ahēra cane, bagatangira Abisirayeli impongano, vyose babigenjeje nk’uko Mose umusavyi w’Imana yageze.


Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako.


None rero bana banje, mureke kuvyanjanjwako, kukw ari mwebge Uhoraho yatoranije ngo mumuhagarare imbere, mumusukurire, mube abasuku biwe, mwose imibavu.


ngo bibere Abisirayeli icibutso, kugira ngo ntihagire umuntu atar’ uwo mu ruvyaro rwa Aroni yīgira hafi kwosereza imibavu imbere y’Uhoraho; kugira ngo ntabe nka Kora n’abafatanije na we. Nuko Eleyazari abikora nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose.


Aterera izo ntete z’ifeza ahēra h’urusengero, aragenda, arīmanika.


Nukw ivyo vyateguwe birtyo, abaherezi na ntaryo bama binjira mw ihema ryo hino, kugira ngo bashitse ivy’ ubuherezi:


Ngo Ntiyamutoranije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw abe umuherezi wiwe, aje ku gicaniro ciwe, yose imibavu, yambare efodi imbere yiwe? Ngo Kandi ntiyahaye inzu ya sogokuruza ibimazi vyose Abisirayeli batanga vyo gutongorwa n’umuriro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ