Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Umusi umwe, Zakariya yariko arakora igikorwa ciwe c’ubuherezi mu ngoro y’Imana, kuko umugwi wiwe ari wo wari uramukiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:8
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni kw imbu zabo zākurikirana zo gukora, uko bāgenda baja mu ngoro y’Uhoraho, nk’ukw icagezwe bāhawe na Aroni sekuruza wabo cāshinze, nk’uk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yari yaramugeze.


Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi nta bana bāsize; nuko Eleyazari na Itamari ni bo bahawe igikorwa c’ ubuherezi.


Bata amaragiro yabo n’amatongo yabo, baja i Buyuda n’i Yerusalemu, kuko Yerobowamu n’ abahungu biwe bābirukanye mu buherezi bgabo bgo guhereza Uhoraho;


Kandi kubg’ abaherezi bo mu ba Aroni bāba mu matongo aho bafise amaragiro inyuma y’ibisagara vyabo, mu gisagara cose hār’ abantu bazwi amazina bāshiriweho guha umugabane umuntu wese w’izinamuhungu mur’ abo baherezi n’ abanditswe bose mu Balewi mu gitabo kidondora amavuka yabo.


Maze Hezekiya ashinga imbu z’abaherezi n’Abalewi, nk’uko zari zisanzwe, nk’uk’ umuntu wese muri bo yar’ asanzwe akora, ar’ abo gutanga ibimazi vyoswa, ar’ abo gutanga ibimazi vy’ishimwe, ar’ abo guhēreza, ar’ abo gushima, ar’ abo guhimbaza, bahagaze ku birimba vy’urugo rw’Uhoraho.


Atunganya imbu z’abaherezi uko zākurikirana zo gukora, nk’uko se Dawidi yasize ashinze, n’ivy’ ibikorwa vy’ Abalewi vyo guhimbaza no gufasha abaherezi, nk’ukw ibikorwa vyabo vy’imisi yose vyari biri, n’ ivy’ abashibamyi na bo, nk’ukw imbu zabo zakurikirana ku birimba vyose; kukw ari ko Dawidi, wa muntu w’Imana, yari yasize abishinze.


Bashirah’ abaherezi ukw imigabane yabo ikurikirana, n’Abalewi baja ku mbu zabo, ngo bakorere Imana i Yerusalemu, nk’uko vyanditswe mu gitabo ca Mose.


Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.


Iyo myambaro yose uz’ uyambike Aroni mukurwawe, bo n’abana biwe, ubasukekw amavuta, ubashikirize iryo bango, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Uku abe ari k’uzobagenza mu kubarobanura, ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Wābīre imasa y’umukangara n’impfizi z’intama zibiri zitagira agasembga,


Nzokweza iryo hema ry’ibonaniro bo n’igicaniro; na Aroni n’abana biwe nzobeza, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Aroni n’abana biwe ubakenyeze imikanda, ubambike na twa dukofero: maze bazoba begukiye ubuherezi, kibe icagezwe c’intahava: ushikirize Aroni n’abana biwe iryo bango.


Kand’ uz’ uyasuke no kuri Aroni no ku bana biwe, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Kandi nawe hamwe n’abana bawe muze mwitondere ivy’ubuherezi bganyu ku vy’igicaniro vyose no ku bir’ imbere ya ca gihuzu gikingīra Ahēra cane; ivyo abe ari vyo muzokora; mbahaye igikorwa c’ubuherezi bga ngabire: arik’ uwundi wese atar’ uwo muri mwebge yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.


Ku ngoma ya Herode, umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’ afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti.


Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yar’ ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ