Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:78 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

78 Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

78 Ku bw’imbabazi nyinshi z’Imana yacu, umuco w’igitondo ugiye kuturasira uvuye mw’ijuru,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:78
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho we, ibuka imbabazi zawe no kugira neza kwawe, Kuko vyahozeho, uhereye kera hose.


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Nzozana impumyi mu nzira zitazi, ndazirōngōre mu ndari zitari zizi, nzohindura umwiza ube umuco imbere yazo, n’ahagoramye nzohagorora. Ivyo nzobishitsa, sinzobaheba.


Tereza inyonga hasi uri mw ijuru, witegereze ur’ i wawe, ah’ ukwera kwawe n’icubahiro cawe biri: rya shaka ryawe n’ibikorwa vyawe vy’ubushobozi biri hehe? Igishika n’imbabazi umfitiye ko bibujijwe kunshikīra!


Nzokwamamaza ukugira neza kw’Uhoraho n’ishimwe ryiwe, nk’ ukw ivyo Uhoraho yatugiriye vyose bingana; mvuge n’ivyiza vyinshi yagiriye inzu ya Isirayeli, nk’ukw imbabazi ziwe ziri, kandi nk’uk’ ukugira neza kwiwe kwinshi kungana.


Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami.


umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho.


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Imana ni yo ntanzekw icabona c’ingene mbagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.


Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe,


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute?


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ