Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:76 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

76 Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

76 Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:76
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni koko, bazovuga ivy’ i Siyoni, bat’ Aba n’aba ni ho bāvukiye. Kand’ Īsumba vyose ubgayo izohashimangira.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


Agomba kumwica, arikw atinya abantu, kuko bāmwiyumvira kw ar’ umuntu avugishwa n’Imana.


Kandi ni twavuga tuti Ni mu bantu; n’uko dutinya ishengero, kuko bose bavuga yuko Yohana yar’ ūvugishwa n’Imana.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Uyo ni we yavuzwe na Yesaya yavugishwa n’Imana, at’ Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore iz’ ibihamo ziwe.


Ariko mbega tuvuge tuti Ni mu bantu? Batinya abantu, kuko bose biyumvira badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzoguranurwa; kand’ impēra zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b’Īsumba vyose; kukw igirira neza intashima n’ababi.


Ati Nd’ ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, ati Ni mugorore inzira y’Uhoraho, nk’uk’ uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze.


ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k’inkweto yiwe.


Ni mwebge ubganyu munshingira intahe yuko navuze, nti Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwītangira imbere.


Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ