Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, umwe yankūra mu nzu ya data no mu gihugu navukiyemwo, akambarira, akandahira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu; uyo ni we ubgiwe azotuma umumarayika wiwe akuje imbere, nawe az’ abe ari ho usabira umwana wanje umugeni.
Ariko n’uk’ Uhoraho abakunda, akagomba gushitsa indahiro yarahiye ba sogokuruza banyu; ni co catumye Uhoraho abakūzay’ ububasha bgiwe bginshi, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ubuja, no mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa.