Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:71 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

71 Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

71 izodukiza abansi bacu, iturokore no mu maboko y’abatwanka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:71
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe mwubaha; nanje nzobarokora mbakūre mu maboko y’abansi banyu bose.


Ibakiza ukuboko kw’umwansi wabo, Irabacungura, ibakūra mu kuboko kw’umurwanizi.


Udukize, Uhoraho Mana yacu, Udutororokanye mu mahanga, Kugira ngo dushime izina ryawe ryera, Twirate ishimwe ryawe.


Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.


nti Rāba nzobakoranya, mbakūre mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye mfise ishavu n’ubushangashirwe n’ uburake bg’inkazi; kandi nzokwongera kubagarukana aha hantu, ndababesheh’ amahoro:


Bazohashinga ibande ata nkomanzi; mbere bazokwubaka amazu, batere n’inzabibu, bibere ngaho ata nkomanzi, igihe nzoba nshikije iteka nciriye ku babagirira nabi babakikije bose; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho Imana yabo.


Kandi nzosezerana na zo isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu: maze zizokwibera amahoro mu gahinga, zīryamire mu mashamba.


Ntizizokwongera kuba inyagano z’abanyamahanga ukundi, cank’ ibikōko vyo kw isi ngo bizirotse; ariko zizokwibera amahoro, ata kiziteye ubgoba.


Hahise imisi myinshi uzovyutswa: mu myaka y’iherezo uzoza mu gihugu cābogowe gikūwekw inkota, kirimw’ ubgoko bgakoranirijwe hamwe bavuye mu mahanga menshi, bari ku misozi y’i Bgisirayeli yahoze ar’ amatongo; bākūwe mu mahanga, biberaho ata co binona, bose uko bangana.


at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;


Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu, Tukayisenga ata bgoba,


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ