Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:68 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

68 at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

68 “Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:68
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.


aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira imbabazi databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.


Kand’ at’ Uhoraho aragahezagirwa, ni yo Mana ya Shemu; Kanani we n’abe umuja wiwe.


mbere yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, ampaye uwo kuvyagira ku ntebe yanje nkibona.


Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, n’ashemagizwe Nk’uko vyamye uhereye kera hose, ugashitsa ibihe bidashira. Kand’ abantu bose ni bavuge, bati Amen. Haleluya!


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Kandi ni we azocungura Abisirayeli, Abakūrekw ivyo bagabitanije vyose.


Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ahimbazwe, Uhereye kera hose, ukageza ibihe vyose, Amen, kandi Amen.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose:


bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Kandi twari twishimiye yukw ari we azocungura Abisirayeli. Kand’ ikigeretseko, uyu n’umusi ugira gatatu uhereye ah’ ivyo vyabereye.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Maze Dawidi yishura Abigayili, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ