Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:55 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

55 Nk’uko yabgiye ba sogokuruza, Kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

55 Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose, nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:55
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Imana iramwishura, it’ Oya, ariko kuri Sara umugore wawe ni ho uzovyara umwana. Kand’ uz’ umwite Isaka; nanje nzokomeza isezerano ryanje na we, ngo ribe isezerano ridashira ku ruvyaro rwiwe ruzovuka hanyuma.


Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ uruvyaro rwawe nzoruha ibi bihugu vyose; kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha;


kand’ uruvyaro rwawe ruzongana n’umukungugu wo hasi, ruzogasāra i burengerazuba n’i burasirazuba n’i burārūko n’i bumanuko: kandi muri wewe no mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, Maze ngw imbabazi zayo izibuke,


Kandi Mariya amarana na we amezi nk’atatu, asubira i wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ