Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasābagije abībona mu vyo biyumvira mu mitima yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi; yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:51
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ Uhoraho abasābagiriza mw isi yose: baca baheba kwubaka ca gisagara.


Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.


Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Mu mahema y’abagororotsi har’ ijwi ry’impundu n’iry’ agakiza: Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gukora ivy’ ubuhizi.


Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.


Nzogushima ibihe vyose, kukw ari wewe wabikoze: Nzokwitega izina ryawe imbere y’abakunzi bawe, kukw ari ryiza.


Umutima wanje uzohāzwa nk’ūriye umusokōro n’ibinure: Akanwa kanje kazogushimisha iminwa inezerewe,


Ni wewe wamenaguye Rahabu, hakamera nk’uwishwe: Abansi bawe wabasābagirishije ukuboko kw’inkomezi zawe.


Ufise ukuboko kw’inkomezi, Ukuboko kwawe kurakomeye, ukuboko kwawe kw’i buryo gushizwe hejuru.


Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Kuko yakoze ibitangaza: Ikiganza ciwe c’i buryo n’ ukuboko kwiwe kwera yabizanishije agakiza.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Eh’ Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ ukuboko kwiwe kuzomutwarira: rāba, azoza azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’ imbere yiwe.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


Ni nde yatumye ukuboko kwiwe kw’ icubahiro kugendera ku ruhande rw’i buryo bga Mose? Ni nde yatandukanije amazi imbere yabo, akīhesha izina ritazoshira?


Kuko rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga, n’inkēngērwa mu bantu.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


dushingūra impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomōrere Kristo.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ