49 Kukw Iy’ ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kand’ izina ryayo n’iryera.
49 kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye, izina ryayo ni iryera.
Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.
Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.
Uwo Mwami w’ubgiza ni nde? N’Uhoraho afise inkomezi n’ ubutōre, N’Uhoraho afise ubutōre mu ntambara.
Ni batazire izina ryiwe rihambaye riteye ubgoba: Ni we yera.
Ni mushire hejuru Uhoraho, Imana yacu, Musengere ku murwa wiwe wera: Kuk’ Uhoraho, Imana yacu, ar’ uwera.
Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?
Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko!
Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.
Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.
Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.
Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.
Ariko noneh’ Uhoraho ari kumwe nanje nk’umunyenkomezi n’uw’ igitinyiro; ni co kizotuma abampama batsitara, ntibaneshe: bazorimarima rwose kuko batākoze ivy’ ubgenge, bagire ibitētērwa bitazobavako, bitazoruha vyibagirana.
Arazemerera. Izo mpwemu zihumanye zimusokorotsemwo, zinjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembge, zisuka mu kiyaga, zāri nk’ibihumbi bibiri, amazi araziniga.
Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, Kand’ uhereye none, ab’ ibihe vyose bazonyita umuhirwa.
Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:
Nukw Īshobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose, nk’uk’ ubushobozi bgayo budukoreramwo buri,
Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.
Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.
Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.