Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 avuga n’ijwi rirenga, ati Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 avuga n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bandi bagore bose, n’umwana ari mu nda yawe arahezagiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:42
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Umugize icitegererezo c’ihirwe ibihe vyose, Umunejereje akaneza mu nyonga zawe.


Uri n’ubgiza buruta ubg’ abana b’abantu; Igikundiro gisutswe mu minwa yawe: Ni co gitumye Imana iguha umugisha w’ibihe bidashira.


Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.


Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,


Kand’ iki kimbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi?


Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, Kand’ uhereye none, ab’ ibihe vyose bazonyita umuhirwa.


bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru.


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore, Muka Heberi Umunyakeni Aragahezagirwa kurusha abandi bagore baba mu mahema!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ