Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana.


Nkakumenyesha neza amajambo y’ukuri, Kugira ng’usubirane inyuma amajambo y’ukuri ku bāgutumye?


Vyongeye kandi, Umusiguzi kuko yar’ umunyabgenge yashishikaye kwigisha abantu ubgenge; mbere yakoze irya n’ino, araserangura, aroranya imigani myinshi.


Abantu benshi bāgerageje kwandika amajambo adonda ivyābaye muri twebge,


Ca gitabo ca mbere nanditse ga Teyofilo we, kivuga ivyo Yesu yatanguye gukora no kwigisha vyose,


Maze Petero aratangura, abibasobanurira uko bikurikirana,


Nuko rer’ inama yanje n’uko tureka kugora abo mu banyamahanga bahindukirira Imana,


duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,


Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye:


Amazey’ imisi avayo, aca mu gihugu c’i Galatiya n’i Furugiya, aja mu bisagara uko bikurikirana, aremesha abigishwa bose.


ati Jewe Kilawudiyo Lusiya ndakuganūtsa wewe Feliki umwubahwa, icēgēra ca Kayisari.


nuko turavyemera uburyo bgose ahantu hose, Feliki umwubahwa, tugukengurukiye cane.


Paulo aramwishura, ati Sinsaze, Fesito umwubahwa, ariko mvuga amajambo y’ukuri kand’ aroranye.


Arikw ivya Apolo mwene Data, naramwinginze cane ngw aze i wanyu, az’ azanane na bene Data abo; ntiyakunda na gatoya kuza none, arikw azoza, ni yabona uburyo.


Arikw iy’ agumye ukw ari, ni ho arushiriza guhirwa, uko niyumvira kubganje: kandi ngira ngo nanje mfise Mpwemu w’Imana.


Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ