Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Kuva ubu, ugiye kuba ikiragi, ntuzosubira kuvuga kugeza uwo mwana avutse, kuko utizeye ivyo nakubwiye. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:20
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

uwo mugabisha akishura uwo muntu w’Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ben’ ivyo vyoshoboka? na we akamwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


Uhoraho aramwishura, ati Ni nde yaremye akanwa k’umuntu? canke ni nde atera uburagi, cank’ ubupfamatwi, cank’ aha umuntu kubona, cank’ amuhumisha? Si jewe, Uhoraho?


kand’ iremezo ry’Abefurayimu ni Samariya, kand’ iremezo ry’i Samariya ni mwene Remaliya. Ariko ni mwanka kwizera, n’ukuri ntimuzoshikama.


Kur’ uwo musi akanwa kawe kazogobodokera iyo mpunzi, maz’ uzoca uvuga, ntuzokwongera kugobga ururimi: uko ni k’uzobabera ikimenyetso; na bo bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’ abagarariji.


Ambgiye ayo majambo, ncurika umutwe, mba ikiyingiyingi.


Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ko mutanyizeye, ngo mwerekane ukwera kwanje imbere y’Abisirayeli, ntimugishikanye iri koraniro mu gihugu nemeye ko nzobaha.


Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.


Arabishura, ati Yemwe ab’iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.


Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.


Abantu bāri barorereye Zakariya batangazwa n’ukw atevye ahēra h’urusengero.


Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi.


Kandi hahirwa wewe wizeye, kukw ivyo wabgiwe n’Umwami Imana bizoshika.


Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibūka, n’ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana.


Tuvuge iki? Naho bamwe batizeye, mbega kutizera kwabo kuzohindura ubusa ivy’ Imana yizigiweko?


naho tutoba abizigirwa, we ahora ar’ umwizigirwa, kukw adashobora guhindagurika.


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ