Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:15
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe.


Se aranka, ati Ndabizi mwananje, ndabizi: uwo na we azohinduka ubgoko, bitayekw azoba agakomeye; yamara murumuna we azomurusha, kand’ uruvyaro rwiwe ruzohinduka amahanga menshi.


uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Ubutunzi n’icubahiro ni wewe vyandurukako, kandi ni wewe uganza vyose; mu kuboko kwawe harimw’ ububasha n’inkomezi; kandi ni wewe ushobora guha bose icubahiro n’inkomezi.


Ariko ni wewe wankūye mu nda ya mama: Wanyijigije nkiri kw ibere rya mama.


riti Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’ utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba ūvugishwa nanje mu mahanga.


Na bo baravuga, bati Nta vino tunywa: kuko Yonadabu mwene Rekabu sogokuruza wacu yatwihanikirije, ati Ntimuze mwigere munywa vino, mwebge cank’ abana banyu,


ati Ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe, mwe n’abana bawe, igihe mugira mwinjire mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana,


Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro.


uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe;


Ndababgire, Mu bāvyawe n’abagore nta wuruta Yohana: arik’ umutoya mu bgami bg’Imana aramuruta.


Yohana Umubatizi yaje atarya umutsima, atanywa vino, mugira mut’ Ahagazweko na dayimoni.


Uwo yar’ itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Arikw aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara kubg’ ubuntu bgayo,


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, at’ Uyu musi ngira ntangure kugukuza imbere y’Abisirayeli bose, kugira ngo bamenye yuko ndi kumwe nawe nk’uko nāmana na Mose.


Kur’ uwo musi Uhoraho akuza Yosuwa imbere y’Abisirayeli bose, baramwubaha imisi yose yamaze akiriho, nk’uko bubaha Mose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ