Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 1:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 1:13
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iri ni ryo sezerano ryanje muzokwama mushitsa, riri hagati yanje namwe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma: izinamuhungu wese muri mwebge az’ akebge.


Imana iramwishura, it’ Oya, ariko kuri Sara umugore wawe ni ho uzovyara umwana. Kand’ uz’ umwite Isaka; nanje nzokomeza isezerano ryanje na we, ngo ribe isezerano ridashira ku ruvyaro rwiwe ruzovuka hanyuma.


Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.


Isaka atakambira Uhoraho kubg’ umugore wiwe, kukw atāvyara: Uhoraho yumva gutakamba kwiwe, Rebeka umugore wiwe asama inda.


Uwari yaragumbashe amuha kwubaka urugo, Ari nyina w’abahungu anezerewe. Haleluya!


Ndagushima kuko wanyishuye, Ukampindukira agakiza.


Nuko ndārira umugore w’ūvugishwa, asama inda, avyara umuhungu. Maz’ Uhoraho aca arambarira, ati Mwite Maheri‐shalali‐hashi‐bazi.


Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye.


Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli.


Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’ umwite YESU, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.


Uwo mwanya Yesu arababgira, ati Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya.


Arik’ umumarayika abgira ba bagore, ati Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yesu, umwe yabambga;


Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize!


uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe;


Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk’ ugiriwe ubuntu n’Imana.


Kand’ imisi munani ishitse ngw akebge, bamwita YESU, rya zina ryavuzwe n’umumarayika, atarasamwa inda.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Maz’ Uhoraho aramubarira, ati Mpore, nta co utinya, ntupfa.


Maz’ Uhoraho agendera Hana, asama inda, aja imbere avyara abana b’abahungu batatu n’abakobga babiri. Arik’ uwo mwana Samweli akurira imbere y’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ