Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kand’ Uhoraho azoshirah’ itandukaniro hagati y’amasho y’Abisirayeli n’ay’ Abanyegiputa: mu y’Abisirayeli yose ntihazopfa na kimwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 9:4
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ntihāgira ūbona uwundi, canke ngo hagire ūhaguruka ngw ave ah’ ari, bimara gatatu: ariko mu mazu y’ Abisirayeli bose ho hārabona.


Ayo maraso azobabera ikimenyetso ku mazu murimwo: nanje aho nzobona ayo maraso, nzobarengana, nta cago kizobazako ngo kibarandure, igihe nzotera igihugu ca Egiputa.


Maz’ abo banyamarēba babarira Farawo, bat’ Ibi bitewe n’ urutoke rw’Imana. Arik’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Kur’ uwo musi ngw azorobanura igihugu c’i Gosheni, ah’ abantu biwe baba, ayo masinzi y’ibibugu ngo ntabeyo; kugira ng’umenye yukw ar’ Uhoraho ari hagati mur’ iki gihugu.


Mu gihugu c’i Gosheni honyene ni ho rutāgūye, ah’ Abisirayeli baba.


Uhoraho ashinga igihe, ati Jewe Uhoraho, ejo ni ho nzokora ivyo mu gihugu.


Bukeye bgaho Uhoraho abikora kuno nyene, ibitungano vyose vy’ Abanyegiputa birapfa: ariko mu vy’Abisirayeli ntihapfa na kimwe.


Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ