2 Na ho ni wanka kubarekura, ugashishikara kubagumya,
Arikw Imana izomenagura imitwe y’abansi bayo, N’agahanga kamerak’ umushatsi k’umuntu wese ashishikara kugendera mu bimutsindisha.
Ngo Na ho ni wanka kubarekura, ejo ngw azorekura inzige, zihēre ku rubibe rwawe,
kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.
Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa.
Ngo Na ho ni wanka kubarekura, igihugu cawe arakigomorera ibikere iyo kiva kikagera:
Uhoraho abarira Mose, at’ Uz’ uzinduke kwa Farawo mu gaturuturu, uhagarare imbere yiwe, umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.
eh’ ukuboko kw’ Uhoraho guhanamiye ivyo utunze bigandagaje ku misozi: ku mafarasi, no ku ndogoba, no ku ngamiya, no ku nka, no ku mikuku: akaryama k’icago kazobitera.
Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.
Ariko ku bakēbana ntibumvire ivy’ ukuri, ariko bakumvira ukugabitanya, hazoba uburake no guhambarirwa
Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.