9 ati Farawo ni yabaronderakw ikimenyetso kibamenyekanisha, ubgire Aroni, uti Zana iyo nkoni witwaje, uyiterere hasi imbere ya Farawo, kugira ngw ihinduke inzoka.
Mose atunga ya nkoni yiwe hejuru y’igihugu ca Egiputa, Uhoraho azana umuyaga mur’ ico gihugu uvuye i burasirazuba, wiriza umusi ukesha ijoro; bukeye, uwo muyaga uvuye i burasirazuba uzana inzige.
Kand’ uze witwaze iyo nkoni, ni yo uzokoresha vya bimenyetso.
Uhoraho aramubaza, at’ Ico ufise mu kuboko n’iki? Aramwishura, ati N’inkoni.
Mose akora umugore n’abana, abashira ku ndogoba, asubira mu gihugu ca Egiputa, yitwaje na ya nkoni y’ Imana.
Aramubarira, ati Yiterere hasi. Ayiterera hasi, ihinduka inzoka; Mose arayihunga.
Uhoraho abarira Mose na Aroni,
Mose atunga inkoni yiwe mw ijuru: Uhoraho arekura inkuba n’urubura, umuriro utibukira kw isi: Uhoraho asegenyurira urubura ku gihugu ca Egiputa.
ati Nyaka ikimenyamenya, jewe Uhoraho Imana yawe, ar’ ic’ i kuzimu cank’ ar’ ico hejuru mw ijuru.
uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Farawo mwami wa Egiputa, wa ngona ihambaye, yigaramangira hagati y’inzūzi zayo, wagize ng’ Uruzi rwawe n’urwawe bgite, kandi ngo Ni wewe warwiremeye ubgawe.
Arabishura, at’ Ab’ urunganwe rubi rw’ubumaka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.
ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.
Abayuda baramubaza, bat’ Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?
Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?