Hashize igihe kirekire, umwami wa Egiputa aratanga: Abisirayeli banihishwa no kuba mu buja, barataka; ugutaka batakishwa n’ubgo buja kuradūga, gushika ku Mana.
Kand’ Uhoraho ati Namaze imyaka mirongwine mbarōngōra mu bugaragwa; imyambaro yanyu ntiyabashiriyeko, n’ inkweto zo mu birenge vyanyu ntizabashiriyeko.