Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Igihe nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, ngakūra Abisirayeli muri bo, Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 7:5
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Naho ngendera hagati y’ amarushwa, uzonzigama; Uzorāmvurira ukuboko kwawe kurwanya uburake bg’ abansi banje, Ukuboko kwawe kw’i buryo kuzonkiza.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


no kugira ngo nawe uz’ udondere umwana wawe n’umwuzukuru wawe ukuntu namāramāje Abanyegiputa, n’ibimenyetso vyanje nakoreye hagati muri bo; mumenye yuko nd’ Uhoraho.


Maz’ abantu ba Farawo baramubaza, bati Mbeg’ uriya azogeza ryari kutubera icago? Reka abo bantu bagende, baje gusaba Uhoraho Imana yabo: aho nturabona ko Egiputa hapfuye?


Abanyegiputa ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.


Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo.


Mose adondera sebukwe ivyo Uhoraho yakoze vyose kuri Farawo n’Abanyegiputa, abahōra Abisirayeli, n’ivyabagoreye mu nzira vyose, n’ingen’ Uhoraho yabakijije.


Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


Ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Iki ni co kizokumenyesha yukw ar’ Uhoraho: ut’ Ehe ngira nkubitishe inkoni nitwaje amazi y’ uruzi, ahinduke amaraso:


Aramwishura, ati Hoba ejo. Na we aramubarira, ati Bizoba uk’ uvuze, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye n’Uhoraho Imana yacu.


Maz’ abo banyamarēba babarira Farawo, bat’ Ibi bitewe n’ urutoke rw’Imana. Arik’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Kur’ uwo musi ngw azorobanura igihugu c’i Gosheni, ah’ abantu biwe baba, ayo masinzi y’ibibugu ngo ntabeyo; kugira ng’umenye yukw ar’ Uhoraho ari hagati mur’ iki gihugu.


Nzobīhōra bihambaye, mbahanane ubushangashirwe; maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mbīhōye.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzohigūra nawe, ewe Sidoni, nzoshirwa hejuru hagati muri wewe: maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho, igihe nzoba nshikije iteka mpaciriyeko, nkiyerekana muri bo ko nd’ Uwera.


Igihe nzohindura igihugu ca Egiputa amatongo n’imisaka, igihugu kitakirimw’ ivyahora bicuzuye, nishe abākibamwo bose, ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Kandi nzokwubahiriza izina ryanje rikuru ryatukishijwe mu mahanga, iryo mwatukishije hagati muri yo; nukw amahanga azomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzokwiyerekanira muri mwebge imbere yayo ko nd’ Uwera, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Uko ni kw ab’ inzu ya Isirayeli bazomenya yuko nd’ Uhoraho Imana yabo, uhereye uwo musi no mu bihe bizokurikiraho.


Izina ryanje ryera nzorimenyekanisha hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzokunda kw izina ryanje ryongera guhumanywa ukundi: maz’ amahanga azomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, Uwera wo mu Bisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ