Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yamara Farawo ntazobumvira; maze nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, nkūrey’ ingabo zanje, ni bo bantu banje b’Abisirayeli, mbakūze mur’ ico gihugu ca Egiputa ibihano bikomeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 7:4
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho abarira Mose, ati Ja kwa Farawo; kuko nkomantaje umutima wiwe, n’iy’ abantu biwe, kugira ngo nerekanire ibi bimenyetso vyanje hagati muri bo,


Uhoraho abarira Mose, ati Farawo ntazobumvira; kand’ ivyo bizotuma ibitangaza vyanje bigwira mu gihugu ca Egiputa.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


Mose abarira abantu, ati Muze mwame mwibuka uyu musi muviriye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja; kuk’ Uhoraho abakūje ino ubushobozi bginshi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe murya.


Ivyo bize bibabere nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, n’icibutso gishizwe hagati y’amaso yanyu, kugira ngw ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu: kuk’ Uhoraho yabakūje muri Egiputa ubushobozi bgiwe.


Mose adondera sebukwe ivyo Uhoraho yakoze vyose kuri Farawo n’Abanyegiputa, abahōra Abisirayeli, n’ivyabagoreye mu nzira vyose, n’ingen’ Uhoraho yabakijije.


Kandi ndazi yuk’ umwami wo muri Egiputa atazobakundira ko mugenda, shit’ ukuboko kw’inkomezi kumugondoje.


Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.


Abo ni bo ba bandi Aroni na Mose, Uhoraho yabariye, ati Ni mukūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, mubakurikiranye mu mice yabo.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yakuntumyeko, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabire mu bugaragwa: uti Kandi none gushitsa ubu nturamwumvira.


Maze Farawo abonye ko habaye impore, yikomantaza umutima, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Maz’ abo banyamarēba babarira Farawo, bat’ Ibi bitewe n’ urutoke rw’Imana. Arik’ umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’uk’ Uhoraho yari yarabgiye Mose.


eh’ ukuboko kw’ Uhoraho guhanamiye ivyo utunze bigandagaje ku misozi: ku mafarasi, no ku ndogoba, no ku ngamiya, no ku nka, no ku mikuku: akaryama k’icago kazobitera.


Ibihano vyagerewe abacokoranyi, Kandi n’inkoni zagerewe ibitugu vy’ibipfu.


Nakwifurishije umutima wanje mw ijoro; mbere nzokurondeza umushaha wanje wose ubudahumeka; kukw iy’ imanza zawe ziroranye ziri mw isi, ababa mw isi biga kugororoka.


N’ukuri yashishikaye kumbangurira ukuboko vuba na vuba burinda bgira.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Kandi nzoshitsa iteka nciriye kuri Mowabu, maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


I Patirosi nzohahindura amatongo, nande umuriro i Sowani, kandi nzoshitsa amateka nciriye ku hitwa No.


Uko ni ko nzoshitsa amateka nciriye Egiputa; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Aho bāja gutera hose, Uhoraho yarabarwanya, nk’uko yari yaravuze akabarahira; bituma baja mu vyago bikomeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ