werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.
Kandi Mose na Aroni bakoreye ivyo bitangaza vyose imbere ya Farawo: arik’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyarekura Abisirayeli ngo bagende, bave mu gihugu ciwe.
Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?