Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko nzokomantaza umutima wa Farawo, mpeze ngwize ibimenyetso vyanje n’ibitangaza vyanje mu gihugu ca Egiputa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 7:3
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.


Yarungitse ibimenyetso n’ibitangaza hagati yawe, Egiputa, Kuri Farawo no ku basavyi biwe bose.


Yakoreye ibitangaza mu maso ya ba sekuruza Mu gihugu ca Egiputa, mu gahinga k’i Sowani.


Kandi Mose na Aroni bakoreye ivyo bitangaza vyose imbere ya Farawo: arik’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo, ntiyarekura Abisirayeli ngo bagende, bave mu gihugu ciwe.


Uhoraho abarira Mose, ati Farawo ntazobumvira; kand’ ivyo bizotuma ibitangaza vyanje bigwira mu gihugu ca Egiputa.


Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo.


Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.


Uhoraho abarira Mose, ati Ni wasubira muri Egiputa, ntuz’ ubure gukorera imbere ya Farawo ibitangaza vyose nguhaye gukora: mugabo nzokomantaza umutima wiwe, ntazorekura abantu ngo bagende.


Mose na Aroni baragenda, bakoraniriza hamwe abakuru bose bo mu Bisirayeli:


Aramubarira, ati Gisubize mu gikiriza. Agisubizayo; maz’ agisokoroye, asanga gisubiye kumera nk’ahandi hose ku mubiri wiwe.


Umutima wa Farawo urakomantara, ntiyabumvira, nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze.


ut’ Ariko, icatumye aba arakuretse, n’ukugira ngo akwereke ubushobozi bgiwe, kandi ngw izina ryiwe ryāmāmare mw isi yose.


Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?


Nzokwereka ibitangaza, nk’ivyo mu gihe wava mu gihugu ca Egiputa.


Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Nukw igirira ikigongwe uw’ igomba, kand’ ikomantaza umutima w’uw’ igomba.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


ibigerageza bikomeye amaso yanyu yiboneye, n’ ibimenyetso n’ibitangaza, n’ingen’ Uhoraho Imana yanyu yabakūjey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye; uko ni kw azogirira amahanga yose muzoba mufitiye ubgoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ