2 Uz’ uvuge ico nkubarira cose, maze Aroni mwene nyoko abibarire Farawo, kugira ngw arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.
Mikaya aramwishura, ati Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ic’ Uhoraho ambarira cose ni co nja kuvuga.
Nawe uzohora umubarira, ushire amajambo mu kanwa kiwe: nanje nzobana n’ akanwa kawe n’akiwe, mbigishe ivyo mukora.
Kand’ azokubera umusiguzi wo gusigurira abantu, akubere akanwa, nawe uzomubera nk’Imana.
Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa.
yaramubariye, ati Nd’ Uhoraho: bgira Farawo umwami wa Egiputa ico nkubarira cose.
Nuko Mose na Aroni bagenza bartyo, uk’ Uhoraho yabageze, aba ari ko bakora.
None rero wewe va hasi ukenyere, ubabgire ivyo nkubarira vyose: ntuhindishwe agashitsi na bo, kugira ngo noye kuzoguhindishiriza agashitsi imbere yabo.
Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.
Maz’ arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose nzogenda nkubarira uz’ uyākīre mu mutima wawe, uyumvishe n’amatwi yawe.
riti Mwana w’umuntu, nkugize umushibamyi w’inzu ya Isirayeli; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubammenyeshereze ivyo mbabūrira.
mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.
kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.
Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.