Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kandi niyeretse Aburahamu, na Isaka, na Yakobo, ko nd’ Imana Ishobora vyose, ariko sinabīmenyesha mur’ iryo zina ryanje UHORAHO.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 6:3
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu yunguruza amahema, aragenda, aba i ruhande y’ibiti vya Mamure vyitwa imyeloni, bir’ i Heburoni, ahubakira Uhoraho igicaniro.


Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Aburahamu yita aho hantu Yehova‐yire, nk’uko bavuga na bugingo n’ubu, bati Ku musozi w’Uhoraho ni ho bironkeka.


Kand’ Imana Ishobora vyose iguhe umugisha, iguhe kurondoka, ikugwize, kugira ng’uhindukemw’ isinzi ry’amahanga.


Imana iramubarira, iti Ni jewe Mana Ishobora vyose; urondoke, ugwire; ihanga rizogukomōkako, mbere n’igugu ry’amahanga, n’abami bazokomōka mu rura rwawe;


Yakobo abarira Yosefu, at’ Imana Ishobora vyose yanyiyerekeye i Luzi ho mu gihugu c’i Kanani, irampezagira;


Ni muririmbire Imana, muririmbire izina ryayo ishimwe: Muharurire umuharuro Imwe ica mu bugaragwa igendera mu mukogote ukwegwa n’ amafarasi; Izina ryayo ni YA; ni muvugirize impundu imbere yayo.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Uhoraho n’intōre mu ntambara, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.


Muze mumwubahe, mumwumvire, ntimuze mumugararize, kukw atazobaharira ibicumuro vyanyu, kukw izina ryanje riri muri we.


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


Kubg’ ivyo nzobatahuza, iri rimwe gusa nzobatahuza inganji yanje n’ubushobozi bganje; kandi bazomenya izina ryanje ko nd’ Uhoraho.


rit’ Uhoraho abikora, Uhoraho abirema akabikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, uku ni kw agize,


Ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ku musi natoranijeko Isirayeli, nkamanika ukuboko ndahiye uruvyaro rw’inzu ya Yakobo, nkabiyerekera mu gihugu ca Egiputa, igihe namanika ukuboko mbarahira, nti Nd’Uhoraho Imana yanyu;


Nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe nzoba ndangaje imva zanyu, nkabadūza mukava muri zo, mwa bantu banje.


Kandi ngira mbashirekw imitsi, mbazanekw inyama, mbarenzek’ urukoba, mbashiremw’ impwemu, nuko muraba bazima; kandi muramenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Arabishura, ati Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ